『Wiriwe Maine』のカバーアート

Wiriwe Maine

Wiriwe Maine

著者: WMPG
無料で聴く

このコンテンツについて

A new podcast from Amjambo Africa in Kinyarwanda/Kirundi.Copyright WMPG 社会科学
エピソード
  • GUKOMEZA UBUCUTI BICIYE MU NKINO
    2025/06/08
    Umurwi witiriwe Team 257 Maine-USA warakiriye mugenzi wawo wa FBM (Fraternité Burundaise de Montréal) wo muri Canada mu rukino rwo kwishura. Ni ama ekipe ya Basketball.
    Irushanwa ryabereye mu nzu y’imikino ku wa gatandatu igenekerezo rya 17 Rusama 2025, guhera isaha icenda z’umuhingamo (isaha yo muri Maine), ku kibuga ca Riverton Community Center mu muji wa Portland, Maine. Umukino warangiye Team 257 Maine-USA itsinze ku manota 74 kuri 52 y'abashitsi baje baturutse mu gihugu kibanyi ca Canada. Abateguye uru rukino bavuga ko inkino ziri mu bintu bituma Abarundi batibagira i wabo, bagumana amagara meza kandi bakomeza n'umuco ubaranga.
    続きを読む 一部表示
    46 分
  • INYUMA Y-IMYAKA 9 ANYURUJWE, UMUKENYEZI W’UMUMENYESHAMAKURU JEAN BIGIRIMANA ARACASABA UBUTUNGANE
    2025/05/18
    Godeberthe Hakizimana, umukenyezi w’umumenyeshamakuru Jean Bigirimana w’Umurundi yanyurujwe mu mwaka wa 2016, n’ubu aracasaba ubutungane n’ukuri kuvyashikiye umugabo wiwe. Amjambo Africa yamusanze mu muji wa Kigali ku murwa mukuru w’u Rwanda aho yahungiye. Yayibwiye ko n’ubu atazohumeka gusaba ubutungane bw-Uburundi gukora amatohoza yigenga kugira ukuri kumenyekane kuvyashikiye umunega wiwe. Abantu n’imiryango babuze ababo, abahohotewe, abo ababo banyurujwe, canke baburiwe irengero-umupfasoni Hakizimana abasaba kudacika intege akabahamagarira kwiyubaka.
    続きを読む 一部表示
    44 分
  • IKIGANIRO – MARGUERITE BARANKITSE
    2025/04/27
    Marguerite Barankitse: Umumarayika w’i Burundi, “MERE TEREZA WO MURI AFRIKA” agumana icizere c’akazozaMarguerite Barankitse, azwi nk’Umumarayika w’i Burundi canke Mère Teresa wa Afrika, ni umukenyezi azwi cane mu bikorwa vy’imbabazi no gutabara abatishoboye muri Afrika. Yavutse mu 1957 mu ntara ya Ruyigi, mu buseruko bw’u Burundi. Uwo mugore w’umu Kristu akomoka mu bwoko bw’Abatutsi yahariye ubuzima bwiwe gukingira abana bagizweko ingaruka n’intambara zishingiye ku bwoko n’ivyiyumviro vya poritike mu gihugu ciwe.Mu 1993, igihe Uburundi bwadukamwo intambara n’ubwicanyi vyakurikiye iyicwa rya Perezida Melchior Ndadaye, Umuhutu wa mbere yaratowe mu kibanza c’umukuru w’igihugu akicwa inyuma y’amezi atatu gusa atwara, umukenyezi Barankitse yabonye n’amaso yiwe ubwicanyi bwabereye muri diyoseze ya Ruyigi. Yabashije gukiza abana 25 bari bagiye gupfa. Ico gikorwa catanguje Maison Shalom, ikimenyetso c’amahoro no kwiyunga. Mu myaka yose yakurikiye, ico kigo caritayeho, caravuye kandi carigishije abana barenga 47.000, ata gutandukanya ubwoko. Amashure, amavuriro, amazu, n’amashirahamwe yo kwigisha kwiziganiriza vyarubatswe biciye ku buyobozi bwiwe.Kubera ibikorwa vyiwe vy’akaroruhore, yarashimiwe n’ibigo mpuzamakungu bitandukanye, harimwo ibi bihembo bikomeye:
    • Agashimwe k’Uburenganzira bwa muntu (Ubufaransa, 1998)
    • Agashimwe k’Amajepfo n’Amajyaruguru k’Inama y’Uburayi (2000)
    • Agashimwe k’Abana bo kw’isi yose (2003)
    • Agashimwe ka Nansen k’impunzi (HCR, 2005)
    • Agashimwe ka Opus (2008)
    • Agashimwe k’ukurwanya amakimbirane – Fondasiyo Chirac (2011)
    • Agashimwe k’Aurora ko Gukangura Ubumuntu (2016)
    Mu 2015, amaze kunegura ikiringo ca gatatu ca Perezida Pierre Nkurunziza, yaciye ahungira hanze. Mu Rwanda ahaba, yagumije ibikorwa vyiwe, ashinga Ikigo c’Umuryango w’Amahoro i Kigali – ahakirirwa, higishirizwamwo kandi havurirwamwo impunzi z’Abarundi.Vyongeye, yatanguje Fondasiyo Marguerite Barankitse, igamije guteza imbere impunzi no gushigikira imigambi y’amahoro, ubutungane n’iterambere rirama.Naho hari itegeko mpuzamakungu ryatanzwe ngo atabwe muri yompi n’ubutungane bw’i Burundi, ntivyigeze bimutera ubwoba canke ngo bimuce intege mu migambi n’imigabo vyiwe. Marguerite Barankitse ni ishusho y’icizere ku bantu bariko barababara, kandi ni n’igicapo c’urukundo, ubutungane, ubuntu n’icubahiro muri kubu na kazoza.
    続きを読む 一部表示
    1 時間 11 分

Wiriwe Maineに寄せられたリスナーの声

カスタマーレビュー:以下のタブを選択することで、他のサイトのレビューをご覧になれます。